Imana iba mu biremwa vyose nk’ubumenyi. Iyo ibiremwa bitagira ivyo birya, birababazwa kandi bipfe. Rero iyo tugaburiye ico kiremwa, ico kiremwa n’Imana vyose birahimbarwa. Gufasha rero ibiremwa ni ugusenga Imana.
Bikwiye gutahurwa vy’ukuri ko umuco nyawo uva mu mpuhwe ari umuco w’Imana.
Ivyo umuntu abona biva ku mpuhwe ni vyo umuntu abona ku Mana. Umunezero uva mu gufasha witwa umunezero w’Imana.